ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:43
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 43 Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe+,

      Kuko azohōra amaraso y’abasavyi biwe+,

      Kandi azokwihora abarwanizi biwe+

      Kandi koko azotangira impongano* ubutaka bw’abantu biwe.”

  • Abacamanza 9:57
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 57 Ikibi cose c’abagabo b’i Shekemu na co, Imana ikigarukana ku mitwe yabo, kugira ngo wa muvumo+ wa Yotamu+ mwene Yerubayali+ ubazeko+.

  • 2 Samweli 1:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Maze Dawidi amubwira ati: “Amaraso yawe abe ku mutwe wawe+, kuko akanwa kawe bwite ari ko kakwagirije+, gati: ‘Ni jewe nahohosheje uwo Yehova yarobanuje amavuta+.’”

  • 1 Abami 2:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 Umusi wasohotse ukarengana koko umwonga Kidironi+, umenye neza ko uzopfa ata kabuza+. Amaraso yawe azoja ku mutwe wawe+.”

  • Zaburi 7:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ivyago vyiwe bizomusubira ku mutwe+,

      Kandi ubukazi bwiwe buzomanuka ku rutwariro rwiwe+.

  • Zaburi 55:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Ariko wewe, ewe Mana, uzobamanukana mu cobo cimbitse kuruta ibindi+.

      Nayo abagīrwa n’amaraso kandi b’abahendanyi, ntibazobaho n’ica kabiri c’imisi yabo+.

      Ariko jewe, nzokwizigira wewe+.

  • Zaburi 94:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Kandi izobasubizako ibibabaza vyabo+,

      Ibanumye ikoresheje ivyago ubwabo bategura+.

      Yehova Imana yacu azobanumya+.

  • Imigani 5:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Umubisha azofatwa n’amakosa yiwe bwite+, kandi azocakirirwa mu migozi y’igicumuro ciwe+.

  • Imigani 28:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Uwuremerewe n’ukwagirwa n’amaraso y’umuntu, ubwiwe azohunga agana icobo+. Ntihagire abamufata.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika