ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 31:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nuko bamuca umutwe+, bamwambura ibirwanisho vyiwe maze batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya hirya no hino kumenyesha+ ayo makuru amazu y’ibigirwamana vyabo+ be n’abantu.

  • Zaburi 115:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Amaboko biri na yo, mugabo ntibishobora gukorakora+.

      Ibirenge biri na vyo, mugabo ntibishobora gutambuka+;

      Nta jwi bisohora n’umuhogo wavyo+.

  • Yesaya 2:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kuri uwo musi umuntu yakuwe mw’ivu azoshiburira imbeba za mushushwe n’ubuhungarema imana ziwe zitagira akamaro z’ifeza, be n’imana ziwe ata co zimaze z’inzahabu bari bamuhinguriye ngo azunamire+,

  • Habakuki 2:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Mbega igishusho c’ikibazano kimaze iki+, ngo uwagihinguye abe yarakibāje, canke igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe, n’umwigisha w’ibinyoma+, ngo uwagihinguye abe acizigira+, gushika aho akora imana ata co zimaze, z’ibiragi+?

  • 1 Abakorinto 8:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nayo ku vy’ukurya+ ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa+ mw’isi, be n’uko ata yindi Mana iriho atari imwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika