Kuvayo 25:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Kandi nzoseruka imbere yawe ng’aho, mvuganire nawe hejuru y’umurumyo+, hagati ya ba bakerubi babiri bari kw’isandugu y’igishingantahe, eka ivyo nzogutegeka vyose ku bwa bene Isirayeli+. 1 Samweli 4:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nuko abantu batuma i Shilo maze bakurayo isandugu y’isezerano rya Yehova nyen’ingabo, umwe yicara ku bakerubi*+. Kandi ba bahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, bari ng’aho bari kumwe n’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri. Zaburi 80:1 Bibiliya y’isi nshasha 80 Ewe Mwungere wa Isirayeli, tega ugutwi+,Wewe uyobora Yozefu nk’umukuku+.Wewe wicaye ku bakerubi+, nusayangane+!
22 Kandi nzoseruka imbere yawe ng’aho, mvuganire nawe hejuru y’umurumyo+, hagati ya ba bakerubi babiri bari kw’isandugu y’igishingantahe, eka ivyo nzogutegeka vyose ku bwa bene Isirayeli+.
4 Nuko abantu batuma i Shilo maze bakurayo isandugu y’isezerano rya Yehova nyen’ingabo, umwe yicara ku bakerubi*+. Kandi ba bahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, bari ng’aho bari kumwe n’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.
80 Ewe Mwungere wa Isirayeli, tega ugutwi+,Wewe uyobora Yozefu nk’umukuku+.Wewe wicaye ku bakerubi+, nusayangane+!