10 aca atuma Hadoramu+ umuhungu wiwe ku Mwami Dawidi kumubaza uko amerewe no kumukeza kubera yari yarwanije Hadadezeri akamutsinda (kuko Hadadezeri yari amaze kumenyera kurwanya Toyu), kandi yari kumwe n’ubwoko bwose bw’ibintu vy’inzahabu n’ifeza+ n’umujumpu.