ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 16:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Umwe muri nya basuku arishura, ati: “Urazi, narabonye ko mwene Yese Umunyabetelehemu ari umuhanga mu vyo kuvuza inanga+; ni umugabo w’intwari kandi w’umunyenkomezi+, akaba n’umurwanyi+; ni umuntu avugana ubwenge+, akaba n’umugabo aremye neza+, kandi Yehova ari kumwe na we+.”

  • 2 Samweli 15:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Abasuku biwe bose bariko barajabuka baca iruhande yiwe; Abakereti bose n’Abapeleti+ bose n’Abagiti+ bose, abagabo amajana atandatu bari baramukurikiye kuva i Gati+, bariko barajabuka mu maso y’umwami.

  • 2 Samweli 23:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Aya ni yo mazina y’abagabo b’abanyenkomezi+ bari aba Dawidi: Yoshebu-bashebeti+ Umutahakimoni, umukuru wa bamwe batatu. Yari abanguriye icumu ku bantu amajana umunani biciwe icarimwe.

  • 2 Samweli 23:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nayo Abishayi+ mwene wabo na Yowabu mwene Zeruwiya+, yari umukuru wa bamwe mirongo itatu; yari abanguriye icumu ryiwe ku bantu amajana atatu bishwe, kandi yari rurangiranwa nka bamwe batatu+.

  • 1 Ngoma 11:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Ku bijanye n’abagabo b’abanyenkomezi bo mu nteko za gisirikare, hari Asaheli+ mwene wabo na Yowabu, Elihanani+ mwene Dodo w’i Betelehemu,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika