15 Maze asubira kuri wa muntu w’Imana y’ukuri+, we hamwe n’ikambi yiwe yose; araza, ahagarara imbere yiwe araheza avuga ati: “Ehe ubu ndamenye koko yuko ata handi hantu hari Imana mw’isi atari muri Isirayeli+. None rero, ndakwinginze wemere ingabirano y’umuhezagiro+ ivuye ku musuku wawe.”