Gusubira mu vyagezwe 32:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Batangura kuyiteresha ishari+ imana z’ahandi+;Baguma bayibabarisha ibintu biteye ishishi+. Zaburi 96:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kuko imana zose z’ibisata vy’abantu ari imana ata co zimaze+;Ariko Yehova we, ni we yakoze amajuru+. Zaburi 115:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu+,Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+. Yesaya 44:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Abahinguzi b’igishusho c’ikibazano bose ni ikintu kitabaho+, kandi ivyo bikundira cane nta co bizomara+; kandi cokimwe n’ivyabona vyabo, nta co babona kandi nta co bazi+, kugira ngo bamaramare+. Yeremiya 10:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Umuntu wese yarerekanye ko atiyumvira ku buryo atagira ubumenyi+. Uwukora ivy’ivyuma wese azomaramara ata gukeka kubera igishusho c’ikibazano+; kuko igishusho ciwe c’icuma gishongeshejwe ari ikinyoma+, nta mpwemu iri muri vyo+.
5 Kuko imana zose z’ibisata vy’abantu ari imana ata co zimaze+;Ariko Yehova we, ni we yakoze amajuru+.
9 Abahinguzi b’igishusho c’ikibazano bose ni ikintu kitabaho+, kandi ivyo bikundira cane nta co bizomara+; kandi cokimwe n’ivyabona vyabo, nta co babona kandi nta co bazi+, kugira ngo bamaramare+.
14 Umuntu wese yarerekanye ko atiyumvira ku buryo atagira ubumenyi+. Uwukora ivy’ivyuma wese azomaramara ata gukeka kubera igishusho c’ikibazano+; kuko igishusho ciwe c’icuma gishongeshejwe ari ikinyoma+, nta mpwemu iri muri vyo+.