5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;
25 Yehu abwira rero Bidikari igisongerezi ciwe+ ati: “Muterure umuterere mu gice c’itongo ca Naboti Umuyezireyeli+; kuko niwibuke: Jewe nawe twatwara imikogote y’amafarasi abirabiri inyuma ya Ahabu se wiwe, kandi Yehova ni we yamenyesheje iri jambo+ kuri we ati: