24 Amaherezo Asa aryama hamwe na ba sekuruza biwe, ahambwa hamwe na ba sekuruza+ mu Gisagara ca Dawidi sekuruza+; maze Yehoshafati+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
3 Nuko Ahabu umwami wa Isirayeli abwira Yehoshafati umwami wa Yuda ati: “None uzojana nanje i Ramoti-gileyadi+?” Na we amubwira ati: “Ndi nkawe, kandi abantu banje ni nk’abantu bawe, kandi turi kumwe nawe mu ntambara+.”