5 Yehonadabu aca amubwira ati: “Ryama ku gitanda cawe wirwaze+. So azoza kukuraba ata gukeka, nawe uze umubwire uti: ‘Ndakwinginze, Tamari mushikanje yinjire ampe umukate w’umurwayi; akorere koko umukate w’uruhoza mu maso yanje kugira ngo ndawubone, nanje ndye koko ibivuye mu kuboko kwiwe+.’”