Kuvayo 25:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Kandi bategerezwa kunyubakira aheranda, kuko ntegerezwa gucumbika hagati muri bo+. Abalewi 26:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nzogendera koko hagati muri mwebwe, nerekane ko ndi Imana yanyu+, namwe muzokwerekana ko muri abantu banje+. Zaburi 132:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kuko Yehova yatoye Siyoni+;Yarayicambiwe ngo imubere aho kuba+, ati: 2 Abakorinto 6:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Kandi urusengero rw’Imana ruhuza rute n’ibigirwamana+? Kuko turi urusengero+ rw’Imana nzima; nk’uko Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo+ ngendere muri bo, kandi nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje+.” Ivyahishuwe 21:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nca numva ijwi rirenga riva kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: “Ehe ihema+ ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana+ na bo, na bo bazoba ibisata vyayo+. Kandi Imana ubwayo izobana na bo+.
12 Nzogendera koko hagati muri mwebwe, nerekane ko ndi Imana yanyu+, namwe muzokwerekana ko muri abantu banje+.
16 Kandi urusengero rw’Imana ruhuza rute n’ibigirwamana+? Kuko turi urusengero+ rw’Imana nzima; nk’uko Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo+ ngendere muri bo, kandi nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje+.”
3 Nca numva ijwi rirenga riva kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: “Ehe ihema+ ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana+ na bo, na bo bazoba ibisata vyayo+. Kandi Imana ubwayo izobana na bo+.