Gusubira mu vyagezwe 31:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Mugire umutima rugabo kandi mukomere+. Ntutinye canke ngo uranduke umutima imbere yabo+, kuko Yehova Imana yawe ari we agendana nawe. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere+.” Yosuwa 1:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Nta n’umwe azohagarara imbere yawe imisi yose y’ubuzima bwawe+. Nk’uko nabanye na Musa ni ko nzobana nawe+. Sinzoguta canke ngo ndaguhebe buhere+. Yesaya 41:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe+. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe+. Nzogukomeza+. Nzogufasha vy’ukuri+. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje+ kw’ubugororotsi+.’ Abaheburayo 13:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera+, mu gihe mubumbwa+ n’ibintu vy’iki gihe+. Kuko yavuze iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye+.”
6 Mugire umutima rugabo kandi mukomere+. Ntutinye canke ngo uranduke umutima imbere yabo+, kuko Yehova Imana yawe ari we agendana nawe. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere+.”
5 Nta n’umwe azohagarara imbere yawe imisi yose y’ubuzima bwawe+. Nk’uko nabanye na Musa ni ko nzobana nawe+. Sinzoguta canke ngo ndaguhebe buhere+.
10 Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe+. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe+. Nzogukomeza+. Nzogufasha vy’ukuri+. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje+ kw’ubugororotsi+.’
5 Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera+, mu gihe mubumbwa+ n’ibintu vy’iki gihe+. Kuko yavuze iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye+.”