13 Amaziya umwami wa Yuda mwene Yehowasi, Yehowasi wa Ahaziya, ni we Yehowasi umwami wa Isirayeli yafatiye i Beti-shemeshi, baza i Yeruzalemu maze aca igihengeri mu ruhome rwa Yeruzalemu, kw’Irembo rya Efurayimu+, gushika kw’Irembo ryo mu Mfuruka+, igihengeri c’amatambwe amajana ane.