1 Abami 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 ehe nzokugirira koko nk’uko amajambo yawe ari+. Ehe nzoguha koko umutima ukerebutse kandi utahura+, ku buryo imbere yawe ata wuzoba yarabayeho ameze nkawe, kandi mu nyuma zawe ata wuzohaguruka ameze nkawe+. 1 Abami 4:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Nuko Imana ibandanya guha Salomo ubukerebutsi+ n’ugutegera+, ku rugero runini cane, n’umutima ufise ugutahura kwagutse+, nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. 1 Abami 4:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Abantu baguma baza bavuye mu bisata vy’abantu vyose kugira ngo bumve ubukerebutsi+ bwa Salomo, egome, bavuye mu bami bose bo mw’isi bari barumvise ivyerekeye ubukerebutsi bwiwe+. Abakolosayi 2:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Muri we ni ho itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ryahishijwe bimwe vyitondewe+.
12 ehe nzokugirira koko nk’uko amajambo yawe ari+. Ehe nzoguha koko umutima ukerebutse kandi utahura+, ku buryo imbere yawe ata wuzoba yarabayeho ameze nkawe, kandi mu nyuma zawe ata wuzohaguruka ameze nkawe+.
29 Nuko Imana ibandanya guha Salomo ubukerebutsi+ n’ugutegera+, ku rugero runini cane, n’umutima ufise ugutahura kwagutse+, nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+.
34 Abantu baguma baza bavuye mu bisata vy’abantu vyose kugira ngo bumve ubukerebutsi+ bwa Salomo, egome, bavuye mu bami bose bo mw’isi bari barumvise ivyerekeye ubukerebutsi bwiwe+.