ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 11:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Hanyuma abwira Yerobowamu ati:

      “Itorere ibipande cumi; kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ehe nshikuye ubwami mu kuboko kwa Salomo, kandi nzoguha ata gukeka imiryango cumi+.

  • 1 Abami 12:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Yerobowamu+ mwene Nebati akivyumva, mu gihe yari akiri mu Misiri (kuko Yerobowamu yaba mu Misiri kuko yari yarahunze kubera Umwami Salomo+),

  • 1 Abami 12:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Hanyuma Yerobowamu agira umusi mukuru mu kwezi kugira umunani, ku musi ugira cumi na gatanu w’ukwo kwezi, umeze nk’umusi mukuru wari muri Yuda+, kugira ngo ashikane amashikanwa ku gicaniro yari yarakoze i Beteli, ngo ashikanire ibimazi za nyana yari yarakoze; nuko i Beteli+ ashiraho abaherezi b’ibibanza bikirurutse yari yarakoze.

  • 1 Abami 14:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 ku bw’ivyo, ehe ngira nzane ivyago ku nzu ya Yerobowamu, kandi ata gukeka nzorandura kwa Yerobowamu umuntu w’igitsina-gabo wese*+, uwutagira gitabara kandi atagira ico amaze muri Isirayeli+; kandi vy’ukuri nzokubura noganze inyuma y’inzu ya Yerobowamu+, nk’uko umuntu akuraho umwanda mukuru gushika uzimanganye+.

  • 2 Ngoma 11:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kuko Abalewi bavuye mu matongo y’uburagiriro yabo+ no mu vyabo+ bakaza muri Yuda n’i Yeruzalemu+, kubera ko Yerobowamu+ n’abahungu biwe bari babakomboye+ kugira ngo ntibakorere Yehova ari abaherezi.

  • 2 Ngoma 13:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Maze Abiya aja mu ntambara ari kumwe n’inteko za gisirikare zigizwe n’abagabo b’abanyenkomezi ibihumbi amajana ane, abagabo b’abarwanyi+ b’abahizi. Nuko Yerobowamu atonda urugamba ngo amurwanye, ari kumwe n’abagabo b’abahizi ibihumbi amajana umunani, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+.

  • 2 Ngoma 13:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Yerobowamu ntiyasigarana inkomezi+ mu misi ya Abiya; mugabo Yehova aramukubita+ ku buryo apfa.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika