ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;

  • Kuvayo 23:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze+, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo+.

  • Kuvayo 34:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kuko udakwiye gukubitira inkoro hasi iyindi mana+, kuko Yehova, uwo izina ryiwe ari Munyeshari, ari Imana y’ishari+;

  • Gusubira mu vyagezwe 4:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “Niwavyara abana ukagira n’abuzukuru kandi mukaba mumaze igihe kirekire muba muri ico gihugu, maze mukikwegera guhona+, mugahingura igishusho c’ikibazano+, ishusho y’ikintu ico ari co cose, mugakora ibibi mu maso ya Yehova Imana yawe+ kugira mumubabaze,

  • Gusubira mu vyagezwe 5:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ntukavyunamire canke ngo wemere kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika