2 Yehova abwira Musa ati: “Barira Aroni mwene wanyu, ntaze arinjira ibihe vyose ha hantu heranda+ inyuma y’irido+, imbere ya wa murumyo uri kw’Isandugu, kugira ntapfe+, kuko nzoseruka mu gicu+ hejuru ya nya murumyo+.
4 Nuko abantu batuma i Shilo maze bakurayo isandugu y’isezerano rya Yehova nyen’ingabo, umwe yicara ku bakerubi*+. Kandi ba bahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, bari ng’aho bari kumwe n’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.