ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 14:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Mbere n’ibiti vy’imiberoshi+ na vyo nyene biranezerewe kubera wewe, amasederi y’i Libani, ngo: ‘Kuva aho uryamiye hasi, nta mwicizi w’ibiti+ aduga kutubangamira.’

  • Yesaya 37:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Wacokoye Yehova biciye ku basavyi bawe, kandi ukaba uvuga uti+:

      ‘Nkoresheje ubwinshi bw’imikogote y’intambara yanje, jewe ubwanje+—

      Nzoduga koko ahakirurutse h’uturere tw’imisozi+,

      Imihingo ya Libani+ iri kure kuruta iyindi;

      Kandi nzokwicira amasederi maremare yaho, ibiti vy’imiberoshi vyaho vy’intorwa+.

      Nzokwinjira ahakirurutse haho ha nyuma, ikibira kimeze nk’umurima w’ivyamwa waho+.

  • Yesaya 60:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Ubuninahazwa bwa Libani buzoza kuri wewe, igiti c’umuberoshi, igiti c’umutidari be n’akajwari icarimwe+, kugira ngo ikibanza c’aheranda hanje gisharizwe+; kandi nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje+.

  • Ezekiyeli 31:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ayandi masederi ntaho yari ahwaniye na ryo mu murima w’Imana+. Nayo ibiti vy’imiberoshi, ntaho vyasa na ryo ku bijanye n’amashami yaryo. N’ibiti vy’imyarumoni ntaho vyasa na ryo uravye amasango. Nta kindi giti mu murima w’Imana casa na ryo mu bwiza bwaryo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika