Gusubira mu vyagezwe 5:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ntukavyunamire canke ngo wemere kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+; Yobu 21:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ibintu bibabaza vy’umuntu Imana izobibikira abana biwe+;Izomuhemba ku buryo abimenya+. Yesaya 14:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 “Nimutegure yemwe igiti co gukerererako abana biwe kubera ikosa rya ba sekuruza+, kugira ntibahaguruke ngo bigarurire isi, ubutaka bwimbuka bakabwuzuzako ibisagara+.” Ivyahishuwe 2:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kandi abana biwe nzobicisha ikiza cica, ku buryo amashengero yose azomenya yuko ndi umwe asesangura amafyigo n’imitima, kandi namwe nzobaha umwumwe ibihuye n’ibikorwa vyanyu+.
9 Ntukavyunamire canke ngo wemere kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;
21 “Nimutegure yemwe igiti co gukerererako abana biwe kubera ikosa rya ba sekuruza+, kugira ntibahaguruke ngo bigarurire isi, ubutaka bwimbuka bakabwuzuzako ibisagara+.”
23 Kandi abana biwe nzobicisha ikiza cica, ku buryo amashengero yose azomenya yuko ndi umwe asesangura amafyigo n’imitima, kandi namwe nzobaha umwumwe ibihuye n’ibikorwa vyanyu+.