31 Na bo nyene bapfinda ubupfindo+ neza na neza nk’uko bene wabo abahungu ba Aroni bagize imbere ya Dawidi umwami n’imbere ya Zadoki na Ahimeleki n’imbere y’abakuru b’amazu ya ba sekuru b’abaherezi n’ab’Abalewi. Na ho ku bijanye n’amazu ya ba sekuru+, umukuru yafatwa cokimwe na mwene wabo mutoyi.