10 “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Naho umuntu uwo ari we wese wo muri mwebwe canke wo mu mayaruka yanyu yoba ahumanye bivuye ku muntu apfuye+ canke akaba ari ku rugendo rwa kure, na we nyene aze ategurire Yehova ikimazi ca pasika.
11 Baze bagitegure mu kwezi kugira kabiri+, ku musi ugira cumi na kane hagati ya ya migoroba ibiri. Baze bakirye kiri kumwe n’udutsima tutarimwo umwambiro be n’imboga zirura+.