8 Nayo ku bijanye n’inzu yiwe yari kubamwo, muri ca kigo kindi+, yari hirya y’inzu yegukira Ibaraza. Yari imeze nka ryo mu kuntu yari yubatswe. Kandi Salomo atangura kwubakira inzu umukobwa wa Farawo+ yari yaratwaye, iyo nzu ikaba yari imeze nk’iryo Baraza.