6 None rero, tegeka bancire amasederi y’i Libani+; abasuku banje bazoba bari kumwe n’abasuku bawe, kandi impembo y’abasuku bawe nzoyiguha nkurikije ivyo uzovuga vyose, kuko wewe ubwawe uzi neza yuko muri twebwe ata n’umwe azi guca ibiti nk’Abanyasidoni+.”