ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 14:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Gusa ntimugararize Yehova+; kandi mwebwe ntimutinye abantu bo muri ico gihugu+, kuko ari umukate kuri twebwe. Ubwugamo bwabo bwabavuyeko+, kandi Yehova ari kumwe natwe+. Ntimubatinye+.”

  • Gusubira mu vyagezwe 20:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Aze ababwire ati: ‘Umve, ewe Isirayeli, uno musi muregereje urugamba ngo murwane n’abansi banyu. Imitima yanyu ntishe coba+. Ntimutinye ngo mute umutwe canke ngo muhinde agashitsi kubera bo+,

  • Yosuwa 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 None si jewe ndagutegetse+? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu+, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose+.”

  • Zaburi 27:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Yehova ni umuco wanje+ n’ubukiriro bwanje+.

      Ni nde nzotinya+?

      Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje+.

      Ni nde nzogirira ubwoba+?

  • Abaroma 8:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+?

  • Abaheburayo 13:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera+, mu gihe mubumbwa+ n’ibintu vy’iki gihe+. Kuko yavuze iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika