17 Maze bene Isirayeli bafata inzira, bashika ku bisagara vyabo ku musi ugira gatatu; nya bisagara vyabo vyari Gibeyoni+ na Kefira+ na Beyeroti+ na Kiriyati-yeyarimu+.
2 Nuko kuva ku musi iyo Sandugu yatangura kuba i Kiriyati-yeyarimu, imisi iguma igwira, ku buryo iba imyaka mirongo ibiri, kandi inzu ya Isirayeli yose icurira intimba Yehova+.