ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Esiteri 3:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nuko abanyamabanga b’umwami+ barahamagarwa mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo ugira cumi na gatatu, maze vyandikwa+ hisunzwe ibintu vyose Hamani ategetse abakuru b’intara b’umwami na ba buramatari baganza intara z’ubutware zitandukanye+, n’abaganwa b’ibisata vy’abantu bitandukanye, b’intara y’ubutware imwimwe yose, mu nyandiko yayo+, n’igisata kimwekimwe cose mu rurimi rwaco; vyandikwa mw’izina+ ry’Umwami Ahasuwerusi maze bidomwako ikidodo hakoreshejwe impeta y’ikidodo y’umwami+.

  • Esiteri 8:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nuko abanyamabanga+ b’umwami barahamagarwa ico gihe, mu kwezi kugira gatatu, ari kwo kwezi kwa Sivani, ku musi wakwo ugira mirongo ibiri na gatatu; maze bandika bisunze ibintu vyose Morudekayi ategetse, handikirwa Abayuda n’abakuru b’intara+ na ba buramatari n’abaganwa b’intara z’ubutware zava mu Buhindi zigashika muri Etiyopiya, intara z’ubutware ijana na mirongo ibiri n’indwi+, intara y’ubutware imwimwe yose yandikirwa mu nyandiko yayo+, n’igisata kimwekimwe cose candikirwa mu rurimi rwaco+, n’Abayuda bandikirwa mu nyandiko yabo no mu rurimi rwabo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika