22 Arungikira rero inzandiko+ intara z’ubutware zose z’umwami, intara y’ubutware+ imwimwe yose nk’uko inyandiko yayo iri, azirungikira n’igisata kimwekimwe cose mu rurimi rwaco, kugira ngo umugabo wese agume ari nk’umuganwa mu nzu yiwe+ kandi agume akoresha ururimi rw’igisata ciwe.