-
Esiteri 3:12Bibiliya y’isi nshasha
-
-
12 Nuko abanyamabanga b’umwami+ barahamagarwa mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo ugira cumi na gatatu, maze vyandikwa+ hisunzwe ibintu vyose Hamani ategetse abakuru b’intara b’umwami na ba buramatari baganza intara z’ubutware zitandukanye+, n’abaganwa b’ibisata vy’abantu bitandukanye, b’intara y’ubutware imwimwe yose, mu nyandiko yayo+, n’igisata kimwekimwe cose mu rurimi rwaco; vyandikwa mw’izina+ ry’Umwami Ahasuwerusi maze bidomwako ikidodo hakoreshejwe impeta y’ikidodo y’umwami+.
-
-
Esiteri 8:9Bibiliya y’isi nshasha
-
-
9 Nuko abanyamabanga+ b’umwami barahamagarwa ico gihe, mu kwezi kugira gatatu, ari kwo kwezi kwa Sivani, ku musi wakwo ugira mirongo ibiri na gatatu; maze bandika bisunze ibintu vyose Morudekayi ategetse, handikirwa Abayuda n’abakuru b’intara+ na ba buramatari n’abaganwa b’intara z’ubutware zava mu Buhindi zigashika muri Etiyopiya, intara z’ubutware ijana na mirongo ibiri n’indwi+, intara y’ubutware imwimwe yose yandikirwa mu nyandiko yayo+, n’igisata kimwekimwe cose candikirwa mu rurimi rwaco+, n’Abayuda bandikirwa mu nyandiko yabo no mu rurimi rwabo+.
-