ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 1:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 1 Mu ntango+ Imana+ yaremye+ amajuru n’isi+.

  • Nehemiya 9:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “Ni wewe Yehova wenyene+; ni wewe wakoze amajuru+, egome, ijuru ry’amajuru, n’ingabo zayo zose+, isi+ n’ibiri kuri yo vyose+, ibiyaga+ n’ibiri muri vyo vyose+; vyose ubizigamira ubuzima; kandi ingabo+ zo mu majuru zirakwunamira.

  • Zaburi 104:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Yashinze isi ku bibanza vyayo bishimangiye+;

      Ntizogenda inyiganyijwe gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera+.

  • Zaburi 136:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Umwe yasasa isi hejuru y’amazi+:

      Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;

  • Imigani 8:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 igihe yashingira ikiyaga ingingo yiwe, kugira amazi ntarenge itegeko ryiwe+, igihe yashinga ko haba imishinge y’isi+,

  • Abaheburayo 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kandi ngo: “Mu ntango, ewe Mukama, washinze imishinge y’isi, kandi amajuru ni ibikorwa vy’amaboko yawe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika