ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 23:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Imana si umuntu ngo ibeshe+,

      Canke umwana w’abantu ngo yicuze+.

      Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?

      Mbega iryo ivumereye, ntirishitsa+?

  • Yesaya 45:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Aragowe uwaniganye n’Umubumvyi wiwe+, nk’urujo runigana n’izindi njo zo ku butaka! Mbega ibumba+ ryobwira umubumvyi waryo ngo: “Ico ukora ni igiki?” Ico wakoze covuga ngo: “Nta maboko agira”?

  • Yeremiya 49:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Ehe, umuntu azoduga nk’intambwe+ ivuye mu bisaka vy’inzitane vyishima vyo ku nkengera ya Yorodani, aje ahantu ho kuba haramba+, mugabo mu kanya gatoyi nzotuma ahahunga+. Kandi uwatowe ni we nzoshiraho ngo ahaganze. Kuko, ni nde ameze nkanje+, kandi ni nde azompigisha+? Vyongeye, ni nde none mwungere yompagarara imbere+?

  • Abaroma 9:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ewe muntu+, uri nde none ngo wishure nabi Imana+? Mbega icabumbwe cobwira uwakibumvye ngo: “Kubera iki wambumvye gutya+?”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika