ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Nehemiya 9:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Wewe uragororotse+ mu vyadushikiye vyose, kuko wakoranye ubwizigirwa+, mugabo twebwe ni twe twakoze ivy’ububisha+.

  • Zaburi 20:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Tuzokwiha akamo k’umunezero kubera ubukiriro bwawe+,

      Kandi mw’izina ry’Imana yacu tuzoduza amabendera yacu+.

      Yehova ashitse ivyo usaba vyose+.

  • Zaburi 35:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Kandi ururimi rwanje niruvuge ubugororotsi bwawe n’ijwi ritoyi+,

      Rugushemeze burinde bwira+.

  • Zaburi 59:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Nayo jewe, nzoririmba inkomezi zawe+,

      Kandi mu gitondo nzovugana umunezero ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+.

      Kuko wambereye ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi+

      Be n’ahantu ho guhungira ku musi w’amarushwa yanje+.

  • Daniyeli 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ewe Yehova, ufise ubugororotsi, mugabo twebwe dufise ibimaramare ku maso yacu nk’uko biri uyu musi+, twe n’abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu be n’abo muri Isirayeli bose, abari hafi be n’abari kure mu bihugu vyose wabashwiragijemwo kubera ubuhemu bwabo bakugiriye+.

  • Abaroma 10:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 kuko, kubera ko batari bazi ubugororotsi bw’Imana+ mugabo bakarondera kwishingira ubwabo bwite+, ntibayobotse ubugororotsi bw’Imana+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika