Itanguriro 1:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Imana yongera kuvuga iti: “Ehe ndabahaye ibimera vyose vyama imbuto biri ku buringanire bw’isi yose, n’igiti cose kiriko ivyamwa vy’igiti cama imbuto+. Nibibabere ibifungurwa+. Itanguriro 9:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Igikoko kigendagenda cose kizima kirashobora kubabera ibifungurwa+. Ndabibahaye vyose+ nk’uko nabahaye ibimera bitoto. Matayo 6:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 “Ku bw’ivyo ndababwiye nti: Mureke kuganyira+ ubuzima bwanyu ku vyo muzorya canke ivyo muzonywa, canke kuganyira imibiri yanyu ku vyo muzokwambara+. Mbega ubuzima ntiburuta ibifungurwa, n’umubiri ukaruta ivyambarwa+? Matayo 6:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’itongo biriho uno musi ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebwe ab’ukwizera guke+? Luka 12:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’itongo biriho uno musi ejo bigatererwa mu ziko, ese ingene izorushiriza kubambika, mwebwe ab’ukwizera guke+! Yohani 3:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “Kuko Imana yakunze+ isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege+, kugira ngo umuntu wese amwizera+ ntarandurwe+ ahubwo aronke ubuzima budahera+. Ivyakozwe 14:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 naho mu vy’ukuri itaretse ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza+, ikabaha imvura+ iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze+.”
29 Imana yongera kuvuga iti: “Ehe ndabahaye ibimera vyose vyama imbuto biri ku buringanire bw’isi yose, n’igiti cose kiriko ivyamwa vy’igiti cama imbuto+. Nibibabere ibifungurwa+.
3 Igikoko kigendagenda cose kizima kirashobora kubabera ibifungurwa+. Ndabibahaye vyose+ nk’uko nabahaye ibimera bitoto.
25 “Ku bw’ivyo ndababwiye nti: Mureke kuganyira+ ubuzima bwanyu ku vyo muzorya canke ivyo muzonywa, canke kuganyira imibiri yanyu ku vyo muzokwambara+. Mbega ubuzima ntiburuta ibifungurwa, n’umubiri ukaruta ivyambarwa+?
30 Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’itongo biriho uno musi ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebwe ab’ukwizera guke+?
28 Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’itongo biriho uno musi ejo bigatererwa mu ziko, ese ingene izorushiriza kubambika, mwebwe ab’ukwizera guke+!
16 “Kuko Imana yakunze+ isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege+, kugira ngo umuntu wese amwizera+ ntarandurwe+ ahubwo aronke ubuzima budahera+.
17 naho mu vy’ukuri itaretse ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza+, ikabaha imvura+ iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze+.”