ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 48:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Raba! Naragutyoroye, ariko si nk’ifeza+. Naraguhisemwo mw’itanure riyaza ivyuma ry’amarushwa+.

  • Zakariya 13:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ico gice kigira gatatu nzogicisha mu muriro+; emwe, nzobatyorora nk’uko batyorora ifeza+, ndabasuzume nk’uko basuzuma inzahabu+. Na co kizokwambaza izina ryanje, nanje ndacishure+. Nzovuga nti: ‘Ni abantu banje+,’ na co kivuge giti: ‘Yehova ni Imana yanje+.’”

  • Malaki 3:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Azokwicara ari nk’uwutyorora be n’uwusukura ifeza+, asukure bene Lewi+; kandi azobatosora nk’inzahabu+ n’ifeza, babere Yehova abashikiriza ishikanwa+ mu bugororotsi.

  • 1 Petero 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 kugira ngo agaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu+, kamwe karusha agaciro inzahabu ishira naho isuzumishwa umuriro ikarama+, kazosangwe ari imvo y’ugushimagizwa n’ubuninahazwa n’iteka kw’ihishurwa+ rya Yezu Kristu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika