48 Abimeleki aca aduga ku musozi Zalumoni+, we n’abantu bose bari kumwe na we. Abimeleki afata rero ishoka mu kuboko kwiwe araheza aca ishami ry’igiti, arariterura arishira ku rutugu, maze abwira abantu bari kumwe na we ati: “Ivyo mubonye nkora, nyarutse mukore nkanje+!”