12 Kandi mutegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yanyu+, mwebwe n’abahungu banyu n’abakobwa banyu n’abashumba banyu n’abashumbakazi banyu n’Umulewi ari imbere mu marembo yanyu, kuko ata muturi canke intoranwa afise kumwe namwe+.
10 Abandanya kubabwira ati: “Gende murye ibintu binuze, munywe n’ibintu bisosa, kandi murungikire imigabane+ umuntu ata co yateguriwe; kuko uwu musi ari mweranda ku Mukama wacu; ntimubabare, kuko akanyamuneza ka Yehova ari igihome gikomeye canyu.”