Guharura 20:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Musa na Aroni bakoraniriza ishengero imbere ya nya rutare, maze Musa ababwira ati: “Umve rero, mwa bagarariji+ mwe! Mbega muri uru rutare ni ho tubakurira amazi+?” Yobu 2:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ariko amubwira ati: “Na wewe uvuga nk’umwe mu bagore b’imburabwenge+. None twakire ivyiza gusa ku Mana y’ukuri, ntitwakire n’ibibi na vyo+?” Muri ivyo vyose Yobu ntiyacumuye n’iminwa yiwe+. Zaburi 141:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ewe Yehova, nushirireho umurinzi akanwa kanje+;Nushire umucunzi ku muryango w’iminwa yanje+. Imigani 16:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi+, kandi uwucungera umutima wiwe aruta uwufata igisagara+. Yakobo 3:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kuko twese dutsitara kenshi+. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo+, uyo ni umuntu atagira akanenge+, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose.
10 Musa na Aroni bakoraniriza ishengero imbere ya nya rutare, maze Musa ababwira ati: “Umve rero, mwa bagarariji+ mwe! Mbega muri uru rutare ni ho tubakurira amazi+?”
10 Ariko amubwira ati: “Na wewe uvuga nk’umwe mu bagore b’imburabwenge+. None twakire ivyiza gusa ku Mana y’ukuri, ntitwakire n’ibibi na vyo+?” Muri ivyo vyose Yobu ntiyacumuye n’iminwa yiwe+.
2 Kuko twese dutsitara kenshi+. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo+, uyo ni umuntu atagira akanenge+, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose.