Gusubira mu vyagezwe 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kandi muze muzigumye kandi muzishitse, kuko kuri mwebwe ivyo ari ubukerebutsi+ n’ugutegera+ mu maso y’ibisata vy’abantu bizokwumva ivy’izo ngingo nyobozi zose, kandi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Iri hanga rikomeye, mu vy’ukuri ni abantu bakerebutse kandi bafise ugutegera+.’ Yobu 28:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Ni ko kubwira umuntu iti:‘Raba! Ugutinya Yehova, ubwo ni bwo bukerebutsi+,Kandi guca kure ikibi ni kwo gutegera+.’” Imigani 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubumenyi+. Ibipfu vyasuzuguye ubukerebutsi n’indero+. Imigani 9:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera+. Umusiguzi 12:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri+ kandi ugumye amabwirizwa yayo+. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo. Abaheburayo 11:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Kubera ukwizera, Nowa+ amaze kuburirwa n’Imana ku bintu bitari bwabonwe+, yarerekanye ugutinya Imana arubaka ubwato+ bwo gukiza urugo rwiwe; kandi biciye kuri ukwo kwizera yaratsindishije isi+, aba samuragwa w’ubugororotsi+ bujanye n’ukwizera.
6 Kandi muze muzigumye kandi muzishitse, kuko kuri mwebwe ivyo ari ubukerebutsi+ n’ugutegera+ mu maso y’ibisata vy’abantu bizokwumva ivy’izo ngingo nyobozi zose, kandi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Iri hanga rikomeye, mu vy’ukuri ni abantu bakerebutse kandi bafise ugutegera+.’
28 Ni ko kubwira umuntu iti:‘Raba! Ugutinya Yehova, ubwo ni bwo bukerebutsi+,Kandi guca kure ikibi ni kwo gutegera+.’”
10 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera+.
13 Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri+ kandi ugumye amabwirizwa yayo+. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.
7 Kubera ukwizera, Nowa+ amaze kuburirwa n’Imana ku bintu bitari bwabonwe+, yarerekanye ugutinya Imana arubaka ubwato+ bwo gukiza urugo rwiwe; kandi biciye kuri ukwo kwizera yaratsindishije isi+, aba samuragwa w’ubugororotsi+ bujanye n’ukwizera.