ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi muze muzigumye kandi muzishitse, kuko kuri mwebwe ivyo ari ubukerebutsi+ n’ugutegera+ mu maso y’ibisata vy’abantu bizokwumva ivy’izo ngingo nyobozi zose, kandi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Iri hanga rikomeye, mu vy’ukuri ni abantu bakerebutse kandi bafise ugutegera+.’

  • Yobu 28:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Ni ko kubwira umuntu iti:

      ‘Raba! Ugutinya Yehova, ubwo ni bwo bukerebutsi+,

      Kandi guca kure ikibi ni kwo gutegera+.’”

  • Imigani 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubumenyi+. Ibipfu vyasuzuguye ubukerebutsi n’indero+.

  • Imigani 9:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera+.

  • Umusiguzi 12:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri+ kandi ugumye amabwirizwa yayo+. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.

  • Abaheburayo 11:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Kubera ukwizera, Nowa+ amaze kuburirwa n’Imana ku bintu bitari bwabonwe+, yarerekanye ugutinya Imana arubaka ubwato+ bwo gukiza urugo rwiwe; kandi biciye kuri ukwo kwizera yaratsindishije isi+, aba samuragwa w’ubugororotsi+ bujanye n’ukwizera.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika