13 Egome, ni co gituma na twebwe dukengurukira Imana ubudahengeshanya+, kubera ko igihe mwakira ijambo ry’Imana+, iryo mwumvise kuri twebwe, mwaryemeye, atari nk’ijambo ry’abantu+, ahubwo nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana, ari ryo kandi ririko rirakorera muri mwebwe abemera+.