ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 17:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 babandanya guta ingingo nyobozi ziwe n’isezerano+ ryiwe yari yaragiranye na ba sekuruza babo n’ivyibutsa+ vyiwe yari yarakoresheje mu kubaburira, hanyuma batangura gukurikira ibigirwamana vy’imburakimazi+ maze ubwabo bacika imburakimazi+, egome, mu kwigana amahanga yari irya n’ino yabo, ayo Yehova yari yarabategetse ku biyerekeye ngo ntibaze bakore nka yo+.

  • 1 Ngoma 28:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+.

  • Zaburi 95:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Mu kiringo c’imyaka mirongo ine, nagumye numva nshishwe n’iryo yaruka+,

      Ndaheza mvuga nti:

      “Ni abantu b’umutima wigira ibiro biteze+,

      Kandi bo ubwabo ntibamenye inzira zanje+”;

  • Gucura intimba 1:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Abanyenkomezi banje bose Yehova yabashibuye abakuye hagati muri jewe+.

      Yampamagariye ikoraniro, kugira risavye imisore yanje+.

      Yehova yaganishije ibirenge mu ruganiro rw’umuvinyu+ rw’umukobwa w’isugi wa Yuda+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika