-
Yesaya 51:6Bibiliya y’isi nshasha
-
-
6 “Nimuraramurire amaso mu majuru+, mwongere murabe kw’isi hasi. Kuko amajuru azotegerezwa kuvungagurwa atumurwe kurya kw’umwotsi+, kandi isi izoshira kurya kw’impuzu+, kandi abayibako bazopfa kurya kw’umubu*. Nayo ubukiriro bwanje, buzoba mbere ubwo gushika igihe kitagira urugero+, kandi ubugororotsi bwanje ntibuzomenagurwa+.
-
-
Daniyeli 9:24Bibiliya y’isi nshasha
-
-
24 “Hari amayinga mirongo irindwi yashingiwe igisata cawe+ be n’igisagara cawe ceranda+, ku bwo kurangiza ibigabitanyo+, no gukuraho igicumuro+, no gutangira impongano* ikosa+, no kuzana ubugororotsi gushika ibihe bitagira urugero+, no gushira ikidodo+ kw’iyerekwa no ku muhanuzi, no kurobanuza amavuta* Aheranda h’Aheranda+.
-