1 Samweli 15:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama; Imigani 15:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ikimazi c’ababisha ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, mugabo isengesho ry’abagororotse riramuhimbara+. Yesaya 1:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 “Ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki?”, ni ko Yehova avuga. “Mpāze amashikanwa aturirwa uko yakabaye+ y’impfizi z’intama+ n’ibinure vy’ibitungwa vyagaburiwe neza+; kandi simpimbarwa+ n’amaraso+ y’ibimasa n’imyagazi y’intama y’amasuguru be n’amasuguru y’impene+. Yeremiya 6:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 “Bimariye iki kuba uzana imibavu ya olibani uyikuye i Sheba+, na kanehe* nziza uyikuye mu gihugu ca kure? Amashikanwa yanyu aturirwa uko yakabaye ntampimbara+, kandi ibimazi vyanyu ntibinezera+.”
22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama;
8 Ikimazi c’ababisha ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, mugabo isengesho ry’abagororotse riramuhimbara+.
11 “Ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki?”, ni ko Yehova avuga. “Mpāze amashikanwa aturirwa uko yakabaye+ y’impfizi z’intama+ n’ibinure vy’ibitungwa vyagaburiwe neza+; kandi simpimbarwa+ n’amaraso+ y’ibimasa n’imyagazi y’intama y’amasuguru be n’amasuguru y’impene+.
20 “Bimariye iki kuba uzana imibavu ya olibani uyikuye i Sheba+, na kanehe* nziza uyikuye mu gihugu ca kure? Amashikanwa yanyu aturirwa uko yakabaye ntampimbara+, kandi ibimazi vyanyu ntibinezera+.”