Guharura 23:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Mbega noshobora nte kuvuma abo Imana itavumye+?Kandi noshobora nte gusiba abo Yehova atasivye+? Imigani 19:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Imigambi yo mu mutima w’umuntu ni myinshi+, mugabo impanuro ya Yehova ni yo izorama+. Ivyakozwe 5:39 Bibiliya y’isi nshasha 39 mugabo nimba ari ibiva ku Mana+, ntimuzoshobora kubisenyura+); ahandiho, hari aho mwosanga muriko vy’ukuri murwanya Imana+.” Abaroma 8:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+?
39 mugabo nimba ari ibiva ku Mana+, ntimuzoshobora kubisenyura+); ahandiho, hari aho mwosanga muriko vy’ukuri murwanya Imana+.”