Imigani 13:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Uwutangīra inkoni yiwe aba yanka umwana wiwe+, mugabo uwumukunda ni uwumurondeza indero+. Imigani 19:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Hana umwana wawe hakiriho icizigiro+; kandi ntiwipfuze kumwica+. Imigani 23:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ukwiye rero kumukubita inkoni, kugira urokore ubuzima bwiwe ubukize ukuzimu+. Imigani 29:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Inkoni be n’igikangiro ni vyo bitanga ubukerebutsi+; mugabo umwana arekeranwa azomaramaza nyina+. Abaheburayo 12:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kuko bo badutoza indero imisi mikeyi bisunze ivyaboneka ko ari vyiza kuri bo+, mugabo we abigira ku nyungu yacu kugira ngo dusangire ku bweranda bwiwe+.
10 Kuko bo badutoza indero imisi mikeyi bisunze ivyaboneka ko ari vyiza kuri bo+, mugabo we abigira ku nyungu yacu kugira ngo dusangire ku bweranda bwiwe+.