Imigani 3:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Wizigire Yehova n’umutima wawe+ wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite+. Imigani 26:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Mbega uramaze kubona umuntu yibona ubwiwe ko ari inkerebutsi+? Hari icizigiro ku kijuju+ kuruta kuri uyo. Yesaya 5:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Baragowe abari inkerebutsi mu maso yabo bwite bakaba n’abanyabwenge mu maso yabo bwite+!
12 Mbega uramaze kubona umuntu yibona ubwiwe ko ari inkerebutsi+? Hari icizigiro ku kijuju+ kuruta kuri uyo.