Kuvayo 23:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Niwabona indogobwa y’uwukwanka iryamye munsi y’umutwaro wayo, ntuze umurekerane. Utegerezwa kumufasha kuyibohora+. 2 Abami 6:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Mugabo avuga ati: “Ntubasasike. Mbega abo wagize imbohe ukoresheje inkota yawe n’umuheto wawe urabasasika+? Shira umukate n’amazi imbere yabo kugira barye bongere banywe+ baheze baje ku mukama wabo.” Imigani 24:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Umwansi wawe aguye, ntuhimbarwe; kandi atewe gutsitara, umutima wawe ntunezerwe+, Matayo 5:44 Bibiliya y’isi nshasha 44 Ariko jewe ndababwiye nti: Mubandanye gukunda abansi banyu+ no gusabira ababahama+;
5 Niwabona indogobwa y’uwukwanka iryamye munsi y’umutwaro wayo, ntuze umurekerane. Utegerezwa kumufasha kuyibohora+.
22 Mugabo avuga ati: “Ntubasasike. Mbega abo wagize imbohe ukoresheje inkota yawe n’umuheto wawe urabasasika+? Shira umukate n’amazi imbere yabo kugira barye bongere banywe+ baheze baje ku mukama wabo.”