ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 1:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ntimuze mugire nkunzi mu rubanza+. Muze mwumvirize umutoyi cokimwe n’uwuhambaye+. Ntimuze muterwe ubwoba n’umuntu+, kuko urubanza ari urw’Imana+. Urubanza rubagumiye cane, muze murunshikirize, ndarwumvirize+.’

  • 2 Samweli 8:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nuko Dawidi abandanya kuganza Isirayeli yose+; kandi Dawidi aguma ashitsa ingingo y’ubutungane* be n’ubugororotsi+ ku bw’abantu biwe bose+.

  • Zaburi 58:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kandi abantu bazovuga+ bati: “Ni ukuri, haraba ivyamwa ku mugororotsi+.

      Ni ukuri, hariho Imana ica imanza mw’isi+.”

  • Zaburi 72:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Naburanire abantu bawe yisunze ubugororotsi+,

      N’abarushwa bawe yisunze ingingo y’ubutungane+.

  • Yesaya 11:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Kandi azocira urubanza koko abantu batobato+ mu bugororotsi, atange igikangiro mu kugororoka ku neza y’abatekereza bo kw’isi. Kandi azokubita koko isi inkoni y’akanwa kiwe+; kandi akoresheje impwemu y’iminwa yiwe, azokwica umubisha+.

  • Yeremiya 22:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nimushitse ubutungane n’ubugororotsi, kandi murokore uwamburwa mumukure mu kuboko kw’uwugunga; ntimufate nabi kavamahanga, impfuvyi* canke umupfakazi+. Ntimubagirire ivy’ubukazi+. Ntimusese aha hantu amaraso y’intungane+.

  • Yohani 7:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Reka guca urubanza mufatiye ku biboneka inyuma, ahubwo ba muca urubanza rugororotse+.”

  • Abaheburayo 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Wakunze ubugororotsi, wanka ubugarariji. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta*+ y’umwigino kuruta bagenzawe+.”

  • Ivyahishuwe 19:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, maze mbona ifarasi yera+. Kandi uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika