16 Avuganye na we, umwami aca amubwira ati: “Mbega twakugize umujanama w’umwami+? Sigaho ku neza yawe+. Barinde kukwica?” Nuko nya mujanama asigaho, mugabo avuga ati: “Ndazi ntakeka yuko Imana yiyemeje kuguhonya+, kuko wakoze ivyo+ kandi ntiwumvirize impanuro yanje+.”