1 Abami 18:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ahabu akimara kubona Eliya, aca amubwira ati: “Mbega ni wewe wazanye ugukumirwa kuri Isirayeli+?” Amosi 5:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 “‘Mw’irembo baranse uwukangīra+, banka urunuka uwuvuga ibitagira akanenge+. Abagalatiya 4:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Mbega none ncitse umwansi+ wanyu kubera yuko ndababwira ukuri+?