ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi muze muzigumye kandi muzishitse, kuko kuri mwebwe ivyo ari ubukerebutsi+ n’ugutegera+ mu maso y’ibisata vy’abantu bizokwumva ivy’izo ngingo nyobozi zose, kandi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Iri hanga rikomeye, mu vy’ukuri ni abantu bakerebutse kandi bafise ugutegera+.’

  • Yobu 23:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Kw’ibwirizwa ry’iminwa yayo simvako+.

      Nabitse muri ntibate amajambo y’akanwa kayo+, ndenza ivyo nashingiwe.

  • Zaburi 19:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Itegeko+ rya Yehova ntirigira akanenge+, rihembura umuntu+.

      Icibutsa+ ca Yehova ni ico kwizigirwa+, gituma umuntu atazi utuntu n’utundi aba inkerebutsi+.

  • Zaburi 107:43
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 43 Ni nde ari inkerebutsi? Azokwitegereza ivyo bintu+

      Yongere yiteho ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vya Yehova+.

  • Zaburi 119:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  34 Nuntahuze, kugira nubahirize itegeko ryawe+

      No kugira ndarigumye n’umutima wanje wose+.

  • Zaburi 119:100
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 100 Nkorana ugutegera kuruta abagabo b’inararibonye+,

      Kuko nubahirije amateka yawe+.

  • 2 Timoteyo 3:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 be n’uko guhera mu buhinja+ wamenye ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro+ biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika