Imigani 17:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Uw’umutima uhetaraye ntazoronka ivyiza+, kandi uw’ururimi mahindagu azogwa mu vyago+. Imigani 18:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Iminwa y’ikijuju yinjira mu mitongano+, kandi akanwa kaco gahamagara inkoni+. Umusiguzi 10:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Amajambo y’akanwa k’umuntu w’inkerebutsi avamwo ubutoni+, mugabo iminwa y’ikijuju irakimira+.